Daily Archives: January 5, 2019
Amerika yiteguye kurungika abasirikare muri RD Congo igihe umutekano wohungabana

Imyiyerekano imbere y’inyubakwa y’akanama kajejwe amatora i Beni mu buseruko bwa RD Congo itariki 27/12/2018
Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze kw’icyo gihugu cyarungitse abasirikare mu gihugu cya Gabon, bokwinjira gutabara muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) igihe ibintu vyoba biyangaye muri aya matora y’umukuru w’igihugu.
Ubutegetsi buridogera Ekleziya Katolika mu kuvuga ko izi uwatsinze amatora

Ihuriro rya amashaka ari ku butegetsi muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) rwidogeye Ekleziya Katolika mu kuba yashikirije ko izi uwatsinze amatora yo ku munsi wa Mungu.