Itangazo rya Amerika kuri Kongo

Abasenyeri b’Urusengero rwa kiliziya Katolika, mu gikorwa co gutanguza ibiganiro vya politike muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko ibabajwe n’uburyo amasezerano ya politike muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, yateweko igikumu itariki mirongo itatu n’imwe z’ukwezi kwa cumi na kabiri m’umwaka uheze, ataco arashyikaho gushyik’ubu.
Amerika imenyesha ko itewe amakenga n’uburyo leta ya Kongo, cyo kimwe n’imigambwe iri m’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bananiwe kwumvikana kugira ayo masezerano ashirwe mu ngiro, harimwo no gutora umushikiranganji wa mbere.
Gushinga leta nshyashya nk’uko bitegenijwe mur’ayo masezerano, nibyo byategura amatora anyuze nzira y’amahoro na demokrasi, bigashyira ahabona ugushaka kw’abanyagihugu ba Kongo. Leta Zunze Ubumwe za Amerika iracyeza akigoro kadasanzwe k’inama y’abasenyeri ba Katolika, mu gikorwa cyayo cyo guhuza abanyepolitike.
Amerika iramenyesha kandi ko ishyigikiye uwo murwi w’abahuza mur’icyo gikorwa, igasaba ko wahabwa inguvu m’ukurengera ibibazo batuvikanaho. Kubona ayo masezerano adatera intambwe ngw’ashyirwe mu ngiro, n’ukurengera uburenganzirabw’ abanyagihugu, m’ugusubiza inyuma intambwe y’ibiganiro byashitseho.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika isaba abayobozi muri Leta no mu batavuga rumwe n’ubutegetsi kudakoresha imvugo iteza akavuyo, ishobora gutuma haduka gusubiranamo cangwa intambara.