Koreya ya Ruguru mu Myiteguro y’Ibitero bya Nucleaire

Ikigendajuru ca misile muri Koreya ya Ruguru Ikigo cya Amerika muri Koreya cyatangaje ko umurindi w’ibikorwa biri mu karere ko kugeragerezamwo ibigwanisho bya nucleaire, muri Koreya ya Ruguru, werekana ko hari imyiteguro yo kugerageza ikigendajuru kigira gatandatu.
Ibyo vyatangajwe k’urubuga ngurukanabumenyi, n’umugwi w’abahinga ukorera muri Amerika, aho washize ahabona amafoto y’icyo kibanza yafashwe kw’itariki ya 28 z’uku kwezi kwa gatatu. Ayo mafoto yerekana uruja n’uruza rw’imiduga mur’ako karere hamwe n’ibikorwa vyo kuvoma amazi m’ukuzimu, n’ibikoresho byo gucunga uruja n’uruza.
Mw’itangazo ryasohotse inyuma y’ayo mafoto, uwo mugwi wemeza ko ibyo bikorwa bihuye n’icyegeranyo giheruka gusohoka, nubwo byerekana umugwi munini w’abantu bari mu myimenyerezo mu kibanza cy’abajejwe ibikorwa mur’ako karere. Iryo tangazo rikavuga ko ihuriro ry’abantu bangana gutyo ryaheruka kuboneka itariki zine z’ukwezi kwa mbere, m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, rikaba ryaciye rikurikirwa n’ibitero vya nucleaire vyabaye itariki cumi na ebyeri z’ukwezi kwa kabiri.