UE: yemeje ibyakorwa imbere yuko Ubwongereza buva mu muryango

Abashingamateka bumviriza urutonde rw’ibikenewe ngo Ubwongereza bushobore kuva muri UE Abashingamateka bo mu muryango w’ibihugu by’i Burayi (UE) bashyigikiye ibyavuye  mu matora, ukuntu uwo muryango watandukana n’Ubwongereza (Brexit) ku majwi 516 kuri 133

Abashingamateka b’umuryango w’ibihugu vya Buraya (MEPs) ntibazoja mu biganiro ariko bazosabwa kwemeza amasezerano azoba yapfunditswe kugira ngo ibintu bibandanye.

Nigel Farage wo mu mugambwe UKIP (UK Independence Party), yagirije abo bashingamateka ko bariko bararondera gushiraho inzitizi “Ubwongereza butokwivanamwo” aca avuga ko bakora “mafia”.

Muri iyo nteguro yo kuvana n’Ubwongereza yashigikiwe n’abashingamateka benshi, havugwa ko hagiye gutangura ibiganiro bizofata ikiringo c’imyaka ibiri kugira ngo Ubwongereza bushobore kuva mu muryango w’ibihugu vya Buraya hisunzwe ingingo ya 50.

Mu nama n’abanyamakuru yabaye inyuma y’amatora, Guy Verhofstadt, aserukira umuryango w’ibihugu byumuryago w’uburayi w’i Burayi kw’idosiye ya Brexit, yavuze ko amatora asobanura ko “Ubwongereza ku ruhande rumwe n’akanama k’umuryango w’ubumwe b’i Burayi ku rundi ruhande, ubu bazi aho abashingamateka bahagaze n’ibibazo nkoramutima ibyar’ibyo”.

Yavuze ati “inyungu z’abanyagihugu bacu nizo ziza ubwa mbere”, asaba ko hakwiye kwigwa mu maguru mashya uko abongereza baba i Buraya n’abanya Buraya baba mu Bwongereza bafatwa inyuma ya Brexit.

Save

Translate »
Skip to toolbar