Amerika Yateye Misile yo Gutangira Ibitero bya Koreya ya Ruguru

Misile za Amerika

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ko igikorwa cyabwo cya mbere co gutangira misile cyagenze neza. Ibyo byatangajwe na Jim Syring, icegera cy’umuyobozi w’ikigo kijejwe gukingira misile.

Icyo gikorwa cabaye kur’uyu wa kabiri, cyaranzwe no gutera misile zibiri, ziturutse mu bibanza bitandukanye. Inyuma y’aho haterewe iya mbere, iya kabiri yarungitswe mu ntumbero yo kuyihagarika. Syring akavuga ko ico gikorwa cagenze neza. N’igikorwa caranguwe mu ntumbero yo gukingira umutekano wa Amerika, mu gihe Koreya ya Ruguru ibandanya gukora ibitero vya misile.

Mu gitondo cyo kur’uyu wa kabiri, Koreya ya Ruguru yatangaje ku gitero cyayo ca nyuma cyo kugerageza misile balistike. Ni mu gihe umutegetsi mu gisirikare cya Amerika, akorera mu karere ka Pasifike nawe yemeza ko ico gitero cya misile cabaye, kikamara iminota itandatu, imbere y’uko igwa mw’ibahari ry’Ubuyapani.

Save

Save

Translate »
Skip to toolbar