Intambara ya lll mu myiteguro nigeragezwa!

Uburusiya bwateye “missiles” ku birindiro bya IS muri SyriaUbushikiranganji bwo kwivuna abanzi bw’Uburusiya bwavuze ko igisirikare cyabwo cyo mu mazi cyateye “missiles” ennye zigurukira hafi mu bibanza by’umugwi wa leta y’iki Islamu, “Islamic State” (IS) hafi y’igisagara cya Palmyra mu gihugu cya Syria.

Mw’itangazo bwasohoye, ubwo bushikiranganji bwavuze ko bwateye ubwihisho buri mu buseruko bw’igisagara, hari ibirwanisho bikomeye n’abarwanyi bimuwe bakuwe Raqqa.

Iryo tangazo rivuga ko icyo gitero cyagabiwe ku bwato bw’indwano na “sous marin” biri mu buseruko bw’ikiyaga cya Méditerranée kandi ko izo “missiles” zaguye mu bibanza zari zagenewe kugwamwo. Ubwo bushikiranganji buvuga ko imbere yo kugaba ibyo bitero, Uburusiya buvuga  ko, bwabimenyesheje Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Turukiya na Israeli.

Save

Translate »
Skip to toolbar