Amerika yikuye mu masezerano y’ihindagurika ry’ibihe

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yafashe ingingo yo kutemeza amasezerano y’ihindagurika ry’ibihe yapfunditswe mu gisagara cya Paris, niko itangazamakuru rya Amerika ryavuze.

Prezida yarungitse ubwiwe ubutumwa kuri Twitter, avuga ko azogira icyo abivuzeho mu minsi micye.Kuva mu masezerano y’ihindagurika ry’ibihe ni kimwe mu bintu bikuru bikuru kwiyamamaza kwa Donald Trump yari yashingiyeho, ariko mu cyumweru gishize yari yavuze ko atarabifatira umwanzuro.

Mu nama ya G-7 mu mpera y’indwi iheze, ukwanka kwemeza amasezerano y’ihindagurika ry’ibihe, byatumye Bwana Trump atumvikana n’ibindi bihugu by’ibihangange kw’isi na cyane cyane Ubudage.

Amasezerano ya Paris y’ihindagurika ry’ibihe yo mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015, afise intego yo kugabanya ibyuka bya “carbone” ngo ubushyuhe bwiyongeye kw’isi bugabanuke.

Ayo masezerano yemejwe n’ibihugu hafi 200.

Translate »
Skip to toolbar