Za magigiri zikorera mu murwa Nairobi ibihumbi (3000) nizo zagiye gutora Umwakagara,abenshi na banyeshuli biga muri za kaminuza!

Abanyarwanda baba muri Kenya bitabiriye amatora ya prezida w’uRwanda (Umwakagara)mu gihugu cya Kenya.

Abanyarwanda barenga ibihumbi bitatu baba mu gihugu cya Kenya bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu cy’Urwanda.

Abo ni bamwe mu barenga ibihumbi 44, baba hanze y’igihugu bazindukiye guhitamwo umukuru w’igihugu agiye kubarongora mu myaka indwi iri imbere hagati ya Prezida Paul Kagame w’umugambwe wa FPR, Dr Franck Habineza wa Green Party hamwe na Philippe Mpayimana yitoza ku giti cyiwe.

Uwuserukira Urwanda muri Kenya, James Kimonyo avuga ko hiyandikishije abantu benshi.

“Abitabye aya matora bagera ku bihumbi bitatu, tukaba dufise ibibanza bibiri ariko araberamwo, ari byo Mombasa na Nairobi”, uko ni Kimonyo yavuze.

Nuru Busigo Hassan, umunyarwandakazi yari yaje gutora, avuga:”Twaje tuzindutse kandi turi benshi tuje gutora umukuru w’igihjugu c’Urwanda. Bifise insiguro ikomeye kuri jewe kubera uyu musi igihugu canje campaye akaryo ko gutora umukuru w’igihugu n’ubwo ntari mu gihugu”.

Hirya no hino kw’isi hakaba hari ibibanza batoreramwo 98.umubare munini c’abanyarwanda baba hanze kikaba kibarizwa muri Uganda no mu Bubiligi.Bitegekanijwe ko abanyarwanda bababa imiliyoni indwi bari mu gihugu hagati bitaba amatora y’umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatanu itariki 4 z’ukwezi kw’umunani 2017.

Za magigiri zikorera Arusha muri Tanzania

Abanyarwanda baba muri Tanzaniya bitavye amatora y’umukuru w’igihugu cabo kuri uyu wa kane.

Kuva isaha imwe y’agatondo gushyika isaha icyenda z’umugoroba muri Tanzaniya, Abanyarwanda hafi 400 biyandikishije bariko baritaba amatora y’umukuru w’igihugu cyabo.

Umwe mu batoreye I Arusha, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ar’akanyamuneza kuri we kubona ahawe ayo mahirwe yo kwitorera ugiye gutwara igihugu cyiwe.

Hari ibiro vy’itora 2 biri I Dar es Salaam ku mugwa mukuru hamwe n’I Arusha. Arusha n’ikibanza kidasanzwe ku Rwanda kuko hahoze hari sentare icira imanza abakoze ihonyabwoko murico gihugu muri 94.

Muri Tanzaniya cyo kimwe n’ahandi mu mahanga, abakandida bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ntibahashitse kwiyamamaza. Naho biruko, Daniel Murenzi atwara urunani rw’Abanyarwanda bose baba hanze avuga ko bamenye umwe wese mu bitoza n’imigambi yiwe.

Abanyarwanda baba mu mahanga biyandikishije ngo batore barenga gato ibihumbi 44. Bitegekanijwe ko ibizova mu matora yabo bizogira ahabona rimwe n’ibizova mu matora yo mu gihugu ategekanijwe kuri uyu wa gatanu.

Translate »
Skip to toolbar