Amajana y’abarwanya ivangurakoko ry’uruhu bahuriye i Boston

Abarwanya ivangurakoko rifatiye ku rukoba bashika amajana bahuriye i Boston muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kwiyamiriza igiterane cy’abafite ibyiyumviro bivangura.Icyo gikorane cyataziriwe igikorane cy’ukwishira ukizana mu gushyikiriza ibyiyumviro.Abo bantu bakikuje uruzitiro ruri aho icyo gikorane kiriko kirabera mu kibanza cya Boston Common.

Baza baririmba indirimbo zirwanya aba Nazi, bari bagize umugambwe w’uwahoze atwara igihugu cy’Ubudage yakoze ihonyabwoko ry’Abayahudi.

Bitwaje kandi ivyandiko bishigikira ubwigenge hamwe n’agateka ka zina muntu.Umunyamakuru wa BBC yashitse aho bibera avuga ko abantu bake cyane aribo bitabye icyo gikorane kivugwa ko giharanira ubwigenge bwo gushikiriza ibyiyumviro.

Umutekano urarinzwe cyane muri ico kibanza, mu gihe iki gikorane kibaye nyuma y’indwi imwe umuntu umwe apfuye mu gikorane c’abazungu b’intagondwa i Charlottesville muri Virginia.

Translate »
Skip to toolbar