Nirihe somo Nyiramongi na Jeannette M7 bakwigira kuri Grace Mugabe?ri

Grace Mugabe ngo yoba yahungiye muri Namibie?

Umushingamateka wo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe, Eddie Cross yabwiye BBC ko azi neza ko umugore wa Perezida Mugabe, Grace, yahungiye mu gihugu ca Namibie.

Uwo munyapolitike wo mu mugambwe Movement for Democratic Change (MDC), yavuze ko azi neza ko Grace yemerewe n’igisirikare kuva mu gihugu ejo mw’ijoro.

Yabandanije avuga ko atari afise ahantu henshi yohungira, inyuma yaho akurikiranywe yagirizwa gukubita umwigeme akora mu vy’imideri wo muri Afrika Yepfo.

Naho biri uko, igisirikare ntikiremeza ayo makuru.

Inyuma yaho abasirikare bafatiye radiyo na televiziyo vy’igihugu ZBC, Maj Gen Sibusiso Moyo yavuze ko igisirikare cipfuza “kwizeza igihugu ko nyakubahwa umukuru w’igihugu hamwe n’umuryango wiwe bakomeye kandi ko n’umutekano wabo ukwiye”.

“Duhama gusa inkozi z’ikibi zatumye igihugu kigwa mu bibazo vy’imibano n’ubutunzi,” niko yavuze.

Uwitwa Nick Mangwana, aserukira umugambwe Zanu-PF mu Bwongereza, yabwiye BBC ko nawe nyene ubwiwe yaronse amakuru ko Grace atakiri mu gihugu.

Bwana Mangwana yavuze kandi ko muri politike ya Zanu-PF, ko muka Mugabe ari umuntu wo hasi cane, adafise ico yoshikiriza.

Translate »
Skip to toolbar