Umuhamagaro wo gukorwa nisoni

Umutekano uracungerewe cyane mu birori byo kurahiza Kenyatta Igipolisi cyiteguye kurasa ibyuka byokera mu maso kwitegurira kuburizamo imyiyerekano y’abatavuga rumwe na leta mu gihe Uhuru Kenyatata yitegurira kurahizwa nka prezida.

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta Raila Odinga yavuze ko Kenyatta atatowe hakurikijwe amategeko.Ntiyitabye amatora yasubiwemwo ya prezida yo mu kwezi guheze.

Abantu bari mu kamwemwe kenshi baguma binjira ku kibuga kiza kuberamwo ibyo birori, aho abandi bakuru b’ibihugu n’amaleta hamwe n’abashikiranganji bakomakomeye baza kuba bitabye uwo muhango.

Kenyatta yatsinze amatora n’amajwi 98% itariki 26 z’ukwezi kwa cumi ariko abitabye amatora bakaba bari ibice 39% gusa.

Amatora ya mbere yo kw’itariki 8 z’ukwezi kw’umunani yarasubiwemwo inyuma y’aho afutiwe na sentare ntahinyuzwa ivuga ko yaranzwe n’utunenge twinshi.

Translate »
Skip to toolbar