ONU Irasaba Perezida Kabila Kuva ku Butegetsi nk’Uko Yabisezeranije

Perezida wa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila n’uwungirije umunyamabanga mukuru wa ONU Jean-Pierre Lacroix.
 Ishyirahamwe mpuzamakungu ONU rihamagarira umukuru w’igihugu cya Republika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila gushyira mu ngiro ibyo yiyemeje gukora akava ku butegetsi. Ni mu gihe abanyagihugu bari mu myiyerekano yo gusaba ko haba amatora y’umukuru w’igihugu mushasha.

Umunyamabanga wa ONU asaba abanyepolitike muri Kongo kubandanya gushyira mu ngiro ibyo bemeranije gukora mu masezerano bapfunditse kw’itariki ya 31 z’ukwezi kwa 12 mu mwaka wi 2016.

Ayo masezerano avuga ko Kabila ategerezwa kuva ku butegetsi inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Uko gutinza gutunganya amatora byatumye haba uruhagarara mu banyagihugu rwatumye abantu bagira amakenga yuko Kabila azaguma k’ubutegetsi inyuma y’intwaro amazeho imyaka 17.

Iyo myiyerekano n’uruhagarara mu banyagihugu irabandanya mu gihe Kabila yagumye ku butegetsi inyuma y’ibiringo bibiri yatorewe gutegeka byarangiye mu kwezi kwa 12 k’umwaka wi 2016.

Translate »
Skip to toolbar