Abantu 13 bahitanywe n’umusozi wabaguyeho muri Amerika

Abandi 163 bari mu bitaro, mirongo ibiri muri bo bakaba bafise ibikomere vyavuye kuri iyo mvura nyinshi.

Bane bakomeretse cyane.

Abantu bashika 300 bivugwa ko babuze aho baca mu burengero bw’igisagara cya Santa Barbara.

Umuriro mwinshi wahitanye benshi muri Amerika

Igipolisi kivuga ko akarere karangwamwo iyo misozi yabomotse gasa “n’ahabereye intambara ya mbere y’isi yose”.

 
Amabuye manini yakorotse ava ku misozi yazibiye amabarabara

Iyo myuzure n’ibomoka ry’imisozi vyononye tumwe mu turere twari twasizwe iheruheru n’umuriro mwinshi, hamwe n’amabarabara makuru makuru yo ku kivuko ku birometero 48.

Abakozi bajejwe gutabara bavuga ko hari abantu benshi bataramenyekana irengero ryabo kandi ko igitigiri c’abitavye Imana gishobora kwongerekana.

Abategetsi w’abasirikare bagwanira mu mazi barungitse indege nyinshi mu gufasha gutabara kandi bagabishije abantu ngo nihakoreshwe indege zitagira abadereva kuko zotera ingorane abaje gutabara.

US: Amazi y’urugomero rwa Oroville yimuye abantu

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baba i California basabwe gukura ameza, inshuro ya kabiri mu kiringo cy’amezi abiri.

Ubwa mbere kwari kubera umuriro, ubu na ho ni kubera imvura.

 
Imbwa y’igipolisi iriho irondera abantu baba barokotse Montecito

Translate »
Skip to toolbar