Imbuzi y’igitero yateje ubwoba abanya Hawaii

Imbuzi y’igitero cya “missile” itarikwiye yatumye abanyagihugu bo muri leta ya Hawaii baterwa ubwoba ku munsi wa gatandatu imbere yuko bimenyeshwa ko uwatanze iyo mbuzi yibeshye.

Abo banyagihugu baronse ubutumwa kuri telefone bugira buti: “Murabe maso hari “missile” iriho irinjira muri Hawaii. Rondera aho mwinyegeza.  s’ukubeshya.”

Umukuru wa leta, David Ige yasabye imbabazi avuga ko byatewe n’umukozi yafyonze aho bidakwiye.

Ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ko hazakorwa itohoza rirambuye.

Leta ya Hawaii yashyizeho uburyo bwo kuburira abanyagihugu bitewe nuko yegereye akarere koragwamo “missiles” za Korea ya Ruguru.

Mu kwezi kwa 12, iyo leta niho yageragezaga ubwa mbere amakenga yo kuburira abanyagihugu kuva igihe indwano yo mu magambo irangiriye.

Abanya Hawaii bavyifashemwo gute?

Abanyagihugu bo muri Amerika barahererekanye ayo makuru yatumye abantu batekegwa n’ubwoba, bayahererekana n’abakunzi hamwe n’abagenzi.

Ku mashusho ya video yacishijwe ku mbuga nkoranyambaga, ubona abanyeshuli ba Kaminuza ya Hawaii biruka, bajya kurondera aho binyegeza kubera ico gitero ca “missile”.

Ubutumwa bwahavuye burungikwa busaba abanyagihugu gusubiza umutima mu nda

Matt Lopresti, umunyamuryango w’abaserukira abanyagihugu ba Hawaii, yari mu rugo iwe igihe aronka ubwo butumwa bw’imburi kuri telefone.

Aravuga ingene we n’umuryango wiwe binyegeje mu bwato bwo kwogeramwo.

“Twafashe abana, dutora ivyo twokenera tubishira mu cumba cugara cane c’inzu yacu, aho twogera,” niko yabwiye ikigo cy’itangazamakuru KGMB.

“Twabashize mu bwato bwo kwogeramwo, turasenga, tugerageza kuraba ingene biza kugenda kuko ntitwari twumvise iyo nkengeri y’imburi.”

“Nta byinshi ushobora gukora mu gihe nkicyo. Twakoze ibyo dushobora…kandi ndashavuye kuko ayo makosa ntiyarakwiye.”

Translate »
Skip to toolbar