RDC: Abepiskopi Katolika Ntibarota Kabila Aguma ku Butegetsi

Abepiskopi Katolika muri RDC mu gisabisho gitanguza ibiganiro vy’amahoro hagati y’abanyepolitike, kw’italiki 8 ukwezi 12, 2016.
 Abepiskopi ba Ekleziya Katolika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo basabye kur’uyu wa kane Abanyekongo kuzibira inzira zose z’abipfuza kwigumiza ku butegetsi.

Umuvugizi w’inama nkuru y’Abepiskopi muri Kongo, patiri Donatien Nshole yagize ati: “Duhamagariye Abanyekongo kuguma bahagaze kandi bari maso, baharanire kazoza kabo kandi bazibire mu mahoro n’umutekano abipfuza kwigarurira igihugu baciye kubiri n’inzira za demokarasi”.

Yabishyikirije mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane.

Ku musi wa kabiri, intumwa zaserukiye Abepiskopi Katolika muri RDC barakiriwe na Perezida wa Kongo Brazaville, Denis Sassou Nguesso mu ntumbero yo gukinga icoshika, ibyatumye imigenderanire hagati ya reta na Ekleziya Katolika itosekara.

Icyuka cya politike cyatangiye kuba nabi mur’icyo gihugu kuva aho Perezida Joseph Kabila bigaragariye ko agumye ku butegetsi mu gihe ibiringo bibiri yari yemerewe n’amategeko vyarangiye kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.

Amatora yo gutegura uwuzamusubirira ategekanijwe kw’italiki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.

Translate »
Skip to toolbar