Australia gishaka kuba igihugu kidandaza urumogi rwinshi kw’isi

Leta ya Australia yamenyesheje ko ishaka kuba igihugu ca mbere kigurisha urumogi rukoreshwa mu buvuzi kw’isi yose.

Icyo gihugu kiriko kiritegura gusubiramwo amategeko yaco kugira kimere cyo kimwe na Canada hamwe n’Ubuholane , ubu ari byo bihugu vyonyene bishora urumogi mu bindi bihugu.

Ibihugu bya Uruguay na Israel na byo nyine bifite imigambi nk’iyo.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Australia Greg Hunt yavuze ko iyo ngingo izofasha n’abagwayi bo muri icyo gihugu.

Icyo gihugu cyemeje gukoresha urumogi nk’umuti mu mwaka wa 2016

I California batoye itegeko ryemera kunywa urumogi

Urumogi rurimwa n’abasirikare mu Butaliyano, rugurishwa mu mategeko muri za farumasi

Kunywa urumogi nko kwinezereza, biracabujijwe.

“Intumbero yacu iragaragara: Abarimyi n’abafite amahinguriro b’abanye Australia bazoronka akaryo keza ko kuba aba mbere mu kudandaza urumogi rukoreshwa muvyo amagara y’abantu kw’isi,” ni ko Hunt yavuze.

Amahera azava mu rudandazwa rw’urumogi kw’isi azoba agera ku miriyaridi 55 z’amadolari gushika mu 2025, nk’uko byaharuwe n’ikompanyi yo muri Amerika ya Grand View Research.

Mu ntango y’iyi ndwi, intara ya California yo muri Amerika, yabaye intara ya mbere nini irekuye ko abantu bashobora kunywa urumogi mu ntumbero yo kwinezereza

Translate »
Skip to toolbar