Iyi modoka yashitse gute mw’igorofa yo hejuru muri Amerika?

Imodoka yari ifite umuvuduko urenze urugero mu ntara ya California yasimbye yinjira mw’igorofa yo hejuru mu nyubakwa imwe inyuma yo kugonga uruzitiro rw’ibarabara, nk’uko inkuru zibivuga.

Iryo sanganya, aho igice cy’iyo modoka kiboneka hanze y’iyo nzu, ryabaye kare mu gitondo ku musi wa Mungu.

Abantu babiri bari muri iyo modoka barokotse ariko bakomeretse bisanzwe, nk’uko igipolisi kibivuga.

Igipolisi cyabwiye abamenyeshamakuru ko umushoferi w’iyo modoka ko yari yanyoye imiti kandi ko hariho ibitaro yari yamyemo.

Umwe muri abo babiri yashoboye kwikura muri iyo modoka ariko uwundi yagumye muri iyo modoka mu kiringo kirenga isaha imwe, gushyika abajejwe gutabara bahashyitse.

Iryo sanganya kandi ryatumye haduka umuriro atari mwinshi, abajejwe kuzimya umuriro baciye bazimya.

Abajejwe kuzimya umuriro baciye bakwiragiza ifoto bongera basigura ivyabaye kuri uwo musi wose.

Iryo sanganya ryabereye i Santa Ana ku birometero 56 mu bumanuko bwa Los Angeles.

Translate »
Skip to toolbar