Amerika isaba ibihugu vya Afrika kuvavanura na Korea ya Ruguru

Ubutegetsi bwa Amerika bwamenyesheje ko amagambo Prezida Donald Trump aheruka gushikiriza, atazohagarika utwigoro twa Amerika two kugondoza ibihugu bya Afrika ngo bihagarike imigenderanire na Korea ya Ruguru.

“Dufite imigenderanire ikomeye n’uwo mugabane,” niko Robert Scott, ajejwe ibibazo bya Afrika yavuze.”Iyo nayo ntihinduka”

Ayo magambo ya yashikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku buryo bwa “téléconférence” aho yerekana ingene Amerika yiyemeje gukora ukwo ishoboye kugira ngo Korea ya Ruguru ntihagire ifaranga na rimwe ikura muri Afrika yokoresha mu mugambi wayo wa “nucléaire”.

Ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ku munsi wa gatatu ko buriho burasaba bushimitse ibihughu bya Afrika guhagarika imigenderanire ya gisirikare n’iy’ubucuruzi na Korea ya Ruguru.

“Leta nyinshi zo ku mugabane zifite imigenderanire na Korea ya Ruguru kuva kera, bigakenerwa ko tubisubiramo,” niko Bwana Scott yavuze.

Bwana Scott ntiyadomye urutoke ivyo bihugu vya Afrika vyoba bigikorana ubudandaji na Korea ya Ruguru, bijya kubiri n’ibihano mpuzamakungu.

Mu cyegeranyo cya Onu cyagiye ahabona mu kwezi kw’icyenda, abahinga ba Onu badomyeko urutoke ibihugu bya Tanzaniya, Uganda n’ibindi bihugu icyenda bya Afrika.

Umurwi wa Onu uriko wihweza ibivugwa ko Tanzaniya na Korea ya Ruguru bagiranye amasezerano ya gisirikare na Korea ya Ruguru y’imiliyoni 12.5 z’amadolari.

Abahinga ba Onu bariko baratohoza kandi ko Korea ya Ruguru yaba iha ikarishabwenge igisirikare hamwe n’igipolisi cya Uganda.

Mw’ijambo yashikirije mw’ikoraniro ry’abanyamuryango ba Onu mu kwezi kw’icyenda mu mwaka uheze, Prezida Yoweri Museveni yavuze ko Uganda yubahiriza ibihano byashizwe kuri Korea ya Ruguru.

“Ariko turashima ko muri kahise, abanya Korea ya Ruguru badufashije kwubaka inteko zikoresha ibiduga by’ingwano,” niko Bwana Museveni yabandanije avuga.

Translate »
Skip to toolbar