Imyiyerekano yahamajwe na Katolika muri Congo Kinshasa

Abantu bamwe bakomeretse abandi batabwa muri yompi harimwo n’abanyamakuru, mu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza perezida Joseph Kabila muri Congo Kinshasa.

Imyiyerekano y’uno munsi yari yabujijwe n’abategetsi, kandi n’itumatumanaho rya internet ryari ryahagaritswe.

Iyo myiyerekano yari yahamagajwe na Ekleziya katolika, aho abantu bari bahamagariwe kwitaba urwo rugendo bateganya gukora mu mutekano, inyuma y’imisa y’umutaga.

Abaja muri iyo myiyerekano bateganya kugenda bitwaje ibitabo bya Bibiriya, imisaraba hamwe n’amashapure.

Inzego z’umutekano zakoresheje inguvu zikomeye hirya no hino mu bisagara byo muri icyo gihugu, mu guhagarika iyo myiyerekano.

Mu murwa mukuru Kinshasa, urwego rw’ishyirahamwe mpuzamakungu ONU rwagiye kugarura amahoro MONUSCO, rumenyesha ko rwarungitse inteko mu ntumbero yo kujya hagati y’abo bari mu myiyerekano n’inzego z’umutekano za leta.

Hamaze kuba imyiyerekano incuro nyinshi kuva ikiringo cya Perezida Kabila kirangiye, haraheze umwaka urenga.

R D Congo ihanzwe kandi n’ibibazo by’ibitero by’imirwi yitwaje ibirwanisho cyane cyane mu buseruko bw’igihugu.

Translate »
Skip to toolbar