RD Congo: Kabila arashigikiye amatora yo mu mpera z’umwaka

Umukuru w’igihugu cya Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), Joseph Kabila yavuze ko azoshyigikira amasezerano yotuma amatora atunganywa mu mpera y’umwaka w’i 2018.

Ibyo yabishikirije mu nama n’ibigo by’itangazamakuru, aho yatunze agatoke amakungu hamwe na Ekleziya Gatolika.

Joseph Kabila yavuze ko umuryango mpuzamakungu Onu utari muri Congo ngube ariwo utunganya iby’igihugu, avuga ko atari igihe cy’intwaro y’ubukoroni.

Yavuze ko abantu bo muri Ekleziya Gatolika bagiye mu myiyerekano biyamiriza ubutegetsi, ko bazokurikiranwa n’ubutungane.

Bwana Kabila yaranze kuva ku butegetsi ikiringo cyiwe kirangiye mu 2016, munyuma yemera gukoresha amatora mu 2018.

Hari haheze imyaka irenga itanu, Bwana Kabila akoresheje inama n’ibigo by’itangazamakuru.

Translate »
Skip to toolbar