Habaye igabishwa kw’ipilipili ikaze cyane kw’isi

Umuntu yariye ipilipili ikaze cyane kw’isi mw’ihiganwa ryo kurya ipilipili ikaze yajyanywe mu bitaro inyuma yo kugira ububabare bwinshi cyane mu mutwe.

Uwo muntu w’imyaka 34 yariye ipilipili yo mu bwoko bwa Carolina Reaper muri iryo higanwa ryabereye mu gisagara ca New York.

Ubwo bubabare bwarabandanije imisi mike.

Ivyo vyanditswe mu kinyamakuru ca BMJ nk’ikintu ca mbere gitangaje kimaze kuba kivuye kukurya ipilipili ikaze.

Umuganga yakurikiranye uwo mugwaye yagabishije asaba ko umuntu wese yohirahira akarya ipilipili ikaze cyane ko  yajyanwa kwa muganga mu gihe yokumva ububabare ubwo ari bwo bwose mu mutwe.

Ububabare bukaze cyane bwo mu mutwe buterwa n’uko imitsi itwara amaraso yikanze mu bwonko, indwara izwi kw’izina rya ‘cerebral Vasoconstriction syndrome’ (RCSV).

Inyuma yo kurya iyo pilipili muri iryo higanwa, uwo muntu yatanguye kwumva ashaka kuyorwa. Yatanguye kumva ababara cyane mw’izosi mu misi mike aca agwara n’umutwe, mu masegunda make cane.

Ubwo bubabare bwari bukomeye cyane ku buryo vyabaye ngombwa ko ajyanwa mu cyumba cy’indembe mu bitaro, aho yapimwe ingwara nyinshi aho byagaragaye ko yababaye. Ibipimo bya x-ray byerekanye ko imitsi myinshi mu bwonko bwiwe yagoramye.

Translate »
Skip to toolbar