Umupfasoni w’uwahoze ari prezida wa Amerika George HW Bush yapfuye
Barbara Bush, umupfasoni w’uwahoze arongoye Amerika akaba yari no mu mashirahamwe y’abakenyezi yapfuye afise imyaka 92.
Ni we yabaye inkingi ya politike y’abakuru b’ibihugu babiri ba Amerika, umugabo wiwe George HW Bush n’umuhungu wiwe George W Bush.
Umupfasoni Bush, yari umupfasoni w’umukuru w’igihugu kuva mu 1989 gushika mu 1993, amagara yiwe yagiye arasinzikara cane haraheze umwanya utari muto, kandi yari yaranse kubandanya ahabwa iyindi miti.
Ubutumwa bwo guhoza bwashitse muri Amerika buvuye mu mpande nyinshi z’isi.Umugabo wiwe ubu afise imyaka 93, ni we mukuru w’igihugu abayeho imyaka myinshi muri Amerika.
Umwana wabo George yatorewe kurongora Amerika mu 2000 aho yamaze ibiringo bibiri nka prezida agira uwa 43 w’ico gihugu.
Mu butumwa bwiwe yagize ati: Umuvyeyi wanje nkunda yapfuye afise imyaka 92. Laura Barbara, Jenna na jewe nyene turagandaye, ariko imitima yacu iraruhutse kuko turazi ko na rwiwe uruhutse.”