Uyoboye CIA Mike Pompeo yaragize urugendo rwo mw’ibanga muri Korea ya ruguru

Urugendo rwa Pompeo (i bubamfu) muri Korea ya ruguru rwari rutumbereye gutegura umubonano hagati ya Trump na Kim.

Urongoye ikigo kijejwe iperereza muri Amerika, Mike Pompeo yaragize urugendo mu gisagara cya Pyongyang mu nama yo mw’ibanga na prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong Un, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru byo muri Amerika.

Iyo nama yari ifise intumbero yo gutegura umubonano hagati ya prezida Donald Trump na Kim Jong Un yabaye mu mpera z’iyinga ya pasika, nk’uko bivugwa n’abategetsi batavuzwe amazina.

Trump yari yemeye ko habaye ibiganiro vyo rwego rwo hejuru na Pyongyang.

Kim Jong-un yavuze ko Trump “azishura” ku magambo yashikirijwe

Kim Jong-un yaratangaje amakungu mukwemera kuvugana na Onu

Ariko uwo mubonano wo mw’ibanga utari witezwe ni wo mu rwego rwo hejuru hagati ya Amerika na Korea ya ruguru kuva mu mwaka wa 2000.

“Twagiranye ibiganiro by’amaso mu yandi, ku rwego rwo hejuru”, ni ko Trump yavuze mu ntara ya Florida aho yariho abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe.

Korea ya ruguru: Uburusiya bwagiriza Amerika gusotora Kim Jong-un

Ushinzwe kumenyeshamakuru ku kirimba cy’umukuru w’igihugu muri Amerika, Sarah Sanders mu mubonano wariho uhuza Trump na Abe.

Translate »
Skip to toolbar