Igihugu cya ISRAEL kimaze imyaka (70) kibayeho!

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ashyikiriza ijambo mugihe igihugu cyariho cyibuka imyaka 70 kibayeho, itariki 18/04/2018.

Igihugu cya Isirayeli Cyahimbaje kuri uyu wa gatatu imyaka 70 kimaze gishinzwe mu kwerekana inguvu zacyo za gisirikare n’intambwe zikomeye mu by’ubutunzi kimaze gushyikaho.

Ibyo ni mu gihe Isirayeli ihanganye n’abansi mu karere, n’ibibazo hagati mu gihugu.Isirayeli yashinzwe kw’italiki cumi na zine z’ukwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 1948. Yamara iyo taliki ihimbazwa muri iki gihe hisunzwe ikirangamisi cy’abaheburayi.

Mu gihe Isirayeli yariko itegura ibirori by’ukwibuka italiki yashingiweho, yagabishije ko ishobora gutera igihugu cya Irani, bizirana urunuka.Irani yatangaje ko igitero Isirayeli yagize ku kibanza cya Irani mu gihugu cya Siriya kizotegerezwa kuronka inyishu.

Ibyo byatangajwe na Akbar Velayati, umujanama w’umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei. Ibyo n’inyuma yuko abanya Irani indwi bapfuye mu gitero cya Isirayeli.

Kuva ingwano itangiye muri Siriya, ibitero bitari bike byitiriwe Isirayeli byarakozwe muri icyo gihugu hakoreshejwe indege z’intambara. Yamara nkuko bisanzwe Isirayeli ntiyemeje cangwa ngo ihakane ibyerekeye ibyo bitero.

Nyamara mu kwezi kwa kabiri, Isirayeli yaremeye, mu bwabaye ubwa mbere, ko yarashe za misile mu bibanza vy’igihugu cya Irani muri Siriya, inyuma yuko indege itagira umudereva ya Irani yinjiye mu kirere cya Isirayeli.

Translate »
Skip to toolbar