Ifi z’ikiyaga Victoria ziri ku mushiro

Ikiyaga Victoria kiri mu bihugu bitatu Kenya, Tanzania na Uganda

Ifi zikunze kuboneka mu kiyaga Victoria gusa (ibice 75%) cyo muri Afrika yo mu buseruko ziri ku mushiro, nkuko bivugwa mu cyegeranyo cy’ikigo gikingira ibidukikije “International Union for Conservation of Nature” (IUCN).

Icyo cyegeranyo cyasohowe inyuma y’itohoza ryakozwe ku bwoko 204 bw’ifi.Gifatira akarorero ku bwoko bw’ifi bita “Kamongo”, ifi ndende zisa n’izindi bita “anguille”, igitigiri cyazo cyagabanutse kubera uburobyi bw’ikirenga, ibukorwa nabi hamwe n’itituka ry’ibidukikije, mu gihe utuce tubomye tuguma duhindurwa mu si ndimwa.

Umutingito muri Tanzania wahitanye abantu 13

Burundi: Ikiyaga Tanganyika kirageramiwe ku bijanye n’ibidukikije

Amahinguriro atosekaza umwuka hamwe n’uburimyi burenze urugero, biri mu bibangamiye ibinyabuzima mu karere, nkuko ico cegeranyo kivuga.

Muri ico cegeranyo barasigura ingene ihindagurika ry’ibihe ribangamira ubuzima bw’izo fi, mu gihe ifi zo mu mazi bizigora kumenyera n’ingoga ivyo bihe bigenda bihindagurika.

Translate »
Skip to toolbar