Aho bucyera Gen.Kayihura murumuna wa Gen.Jack Nziza arashyirwa aho yashyize abandi

General Kale Kayihura yaramaze imyaka 13 atwara igipolisi cy’umutekano hagati mu gihugu

Ntagukekeranya, General Kale Kayihura, pfa mpfe wa Perezida Museveni, yiriwe mu minwe y’abayoboye igisirikare mu Buganda.

Irengero rya General Kale Kayihura ryari ryavuzwe ko vyinshi cyane.Ariko ubu ho igisirikare cya Uganda cyemeje ko kajugujugu yagiye kumutora ejo kw’iraro ryiwe.

Iryo riri kure gatoya y’ibilometero 200, mu burengero bw’umurwa mukuru w’igihugu.Nijoro ntibamusanzeho, kuko yari yagiye i Mbalala.

Harungitswe izindi ntumwa mu ndege kujya kumuhiga mu gitondo cyo kur’uyu wa gatatu.Zaciye zimushikana ku biro bikuru bya gisirikare Entebbe, aho yiriwe abonana n’umukuru w’ingabo.

Nta tangazo rirashyikirizwa ry’igituma yahamagajwe kugaruka ku murwa mukuru.Ntibiranasobanuka ko yaba yahagaritswe.

Imbere y’uko akurwa, mu kwezi kwa gatatu, General Kayihura niwe yari ajejwe igisata cy’umutekano mu gihugu hagati.

Ariko benshi mubo bakorana hafi, kuva icyo gihe barafashwe, harimo n’aba polisi bakuru bakuru.Bagirizwa gukorana n’igihugu kibanyi cy’u Rwanda, mukunyuruza umwe mu bahoze bacungera Perezida Paul Kagame.

Uyo nawe yarondera ubuhungiro mu Bugande.General Kayihura yarasanzwe abonwa, kuva kera, nk’umwe mu bantu bakomeye bashigikiye cyane Perezida Museveni.

Leta imaze igihe iremerewe n’abasaba ko yashakisha umuti w’ikibazo c’yumutekano.Hamaze igihe hari ubwicanyi bw’abantu bakomakomeye, hamwe n’amakuru menshi ku kunyuruza no kwica.

Translate »
Skip to toolbar