Jean Pierre Bemba Yasohotse Ibohero rya CPI

Jean-Pierre Bemba, yigeze kuba icegera cya prezida muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, yambitswe izera mw’iyungururizo ku byaha byo mu ndwano n’ibyaha birtyoza agateka ka muntu, yavuye mu kibanza yari apfungiwemwo murukiko mpuzamakungu mpanabyaha y’i La Haye. Ibyo byatangajwe n’umushingwamanza wiwe, Peter Haynes, uno musi ku wa gatatu.

Peter Haynes yatangarije itangaza makuru ry’abafransa, AFP, ko Bemba yavuye mu kibanza yari apfungiwemwo ku muhingamo w’ejo ku musi wa kabiri.

Urukiko mpuzamakungu mpanabyaha yari yaciriye, Jean-Pierre Bemba, umunyororo w’imyaka 18 mu mwaka w’i 2016. Nicyo gihano gikomeye cyane iyo urukiko imaze gufata ku byaha by’ubwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu n’ugusahura byakozwe n’abarwanyi biwe mu gihugu cya Centrafrika hagati y’ukwezi kw’icumi, umwaka w’i 2002, n’ukwezi kwa gatatu, umwaka w’i 2003.

Umwe mu bakwirikirana dosiye yiwe yatangaje ko Jean-Pierre Bemba azaguma agenzuzwa nurukiko mpuzamakungu mpanabyaha mu kurindira uburenganzira bw’abategetsi b’igihugu cy’Ububiligi.

Ababuranira Bemba bamenyesha ko ategerezwa kujya mu gihugu cy’Ububiligi aho umupfasoni wiwe n’abana batanu basanzwe baba.

Translate »
Skip to toolbar