DRCongo iraregwa guhohotera abaturage mbere ya matora

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu “Human Rights Watch” (HRW) kivuga ko ubutegetsi bwa Repubulika y’intwaro ya Demokarasi ya Congo (RD Congo) buhohotera abatavuga rumwe na bwo, mu gihe hategekanijwe amatora mu mpera z’umwaka.
Ico kigo kivuga ko mu gihe Prezida Joseph Kabila yoba adatanze imihoho nkuko bisabwa n’ibwirizwa shingiro, ko bishobora gutuma haba umutekano muke mu karere kose.
HRW ivuga ko ubwicanyi bukogwa hirya no hino butunganywa n’ibigirankana kugira ngo amatora yigizwe inyuma.
- Kongo igiye gutwarwa na Kabila cyangwa n’wundi ataramenyekana
- Bidasanzwe leta ya Kongo yemereye abayirwanya guterana

Bwana Kabila ntarashikiriza ku mugaragaro aho ahagaze.
Umuvugizi wa leta ya Congo, Lambert Mende mu kiganiro yigeze gutanga ku bamenyeshamakuru yavuze ko Prezida Kabira abwirizwa kugumana uruhara rukomeye mu buzima bwa politike y’ighugu.
Yagize ati: “Mu gihe c’amatora, Joseph Kabila niwe azoba ari indongozi y’uruhande rwa benshi, rw’umukuru w’igihugu”.
Lambert Mende yongeye ati, “Kandi kubera dushaka gutsinda, n’inyuma y’amatora, Joseph Kabila niwe azoba ari indongozi yarwo”.

Ku bagifise amakenga, Lambert Mende yabasiguriye ati, “Ndazi ko hari abo bishobora kubabaza, ariko ni uko bizogenda ku bwacu.
Simbona aho biteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro”.
Perezida Kabira ari ku butegetsi kuva mu 2001.
Manda ebyeri zari kuba zararangiye mu 2016.
Ariko hari ingingo yo mw’ibwirizwa nshingiro yamuhaye ububasha bwo kuguma ku butegetsi gushika habaye ayandi matora, ategekanijwe mu kwezi kwa 12, 2018