Abategetsi b’Amerika bavugako Korea ya ruguru ‘iriho irakora ibisasu bishyashya

Korea ya ruguru yaragerageje incuro nyinshi cyane ibisasu byayo bishika kure mu 2017

Bigaragara ko Korea ya ruguru iriko irakora ibisase bishasha n’aho yari yagarukanye umwumvikano mwiza n’ubutegetsi bwa Trump, nk’uko bitangazwa n’ibimenyeshamakuru.

Ibigendajuru by’iperereza zasanze hari ibikorwa biriho birabera mu karere gakorerwamo ibisasu bishyika kure nk’uko abategetsi b’Amerika babibwiye ikinyamakuru cya Washington Post.

Itangaza  makuru rya Reuters ryasubiyemo uwo mutegetsi rivuga ko bataramenya intambwe ibyo bikorwa biteyeho.

Prezida Trump yarabonanye na mugenzi we wa Korea ya ruguru Kim Jong-un mu kwezi kwa gatandatu.

Inyuma y’umubonano wa mbere, abo bategetsi ko ari babiri biyemeje gukora uko ashoboye ngo bahagarike ikoreshwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda,Trump anavuga ko ‘Korea ya ruguru itagiye ubwoba n’ibirwasho by’ubumara’.

Ariko mu gihugu cyiwe, Trump yaranebaguwe kuba ‘yagize amasezerano yo ku munwa gusa’ nta masezerano bashizeko umukono aho Kim yiyemeza guhagarika umugambi w’ibigwanisho by’ubumara no kubikoresha.

Kim na Trump imbere y’uko baganira mu gihugu ca Singapore

Inkubu za vuba zivuga iki?

Ku musi wa mbere, ikinyamakuru ca Washington Post cyarasubiyemwo aategetsi bavuga ko Korea ya ruguru ibandanya gukora igisase kimwe cyangwa bibiri bishyika kure mu kibanza cya Sanumdong hagufi y’umurwa mukuru Pyongyang.

Icyo kibanza cakoze igisasu cya mbere gishika kure cy’icyo gihugu, gifite ububasha bwo gushyika muri Amerika nk’uko icyo kimenyeshamakuru kibandanya kivyandika.

Nk’uko bishikirizwa na Reuters, amasanamu y’ibigendajuru yerekana imodoka zinjira zongera zisohoka muri iryo hinguriro, ariho atari muri icyo gikorwa cyo gukora ibyo bisasu.

Si ubwa mbere habaye inkuru ko Korea ya ruguru ibandanya umugambi w’ayo w’ibisasu by’ubumara, no kwerekana ingaruka z’umubonano wa Singapour.

Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu, ibimenyeshamakuru byo muri Amerika vyaravuze inkuru zo mw’ibanga zivuye mw’iperereza zavuga ko Korea ya ruguru ibandanya ibikorwa byo gukora ibirwanisho by’ubumara mu mahinguriro y’icyo gihugu.

Mu ndwi iheze, Mike Pompeo yabwiye abakenguzamateka ko amahinguriro ya Korea ya ruguru “abandanya gukora ibyuka by’ubumara” bikoreshwa mugokora ibirwanisho ruhonyanganda.

Translate »
Skip to toolbar