Amerika Itegeka Ubwongereza Gushigikira Trump

Trump na Ambasaderi wiwe w’Ubwongereza Woody Johnson.Ambasaderi wa Amerika mu bwongereza aragabisha k’umugaragaro umushikiranganji mukuru w’ubwongereza Theresa May, yuko akwiye gushyigikira Prezida Trump, mu kutumvikana kukiri mu masezerano y’ihingugwa rya nucleyere muri Irani biri hagati ya Amerika, Irani, n’abategetsi b’ibihugu vya buraya. Ayo masezerano Amerika yayavuyemwo mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka.

Ambasaderi Woody Johnson agabisha ko hashobora kuba ingaruka mbi ku gihugu cy’Ubwongereza naho yibutsa ko ari igihugu gicuditse na Amerika; ni kititandukanya n’ishyirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ngo gishigikire Trump, mu mugambi wiwe wo kongereza ibihano kuri Leta ya Irani.

Iryo gabisha ridasanzwe kandi ritangaje ryagiye ahabona mu kinyamakuru cyo mu Bwongereza Sunday Telegraph. Bamwe bavugako ribaye ikimenyetso cya mbere cyo kugaragaza neza icyari cyitwa ko ari “imigenderanire idasanzwe” iri hagati ya Amerika n’Ubwongereza kuva Tump agiye k’ubutegetsi.

Translate »
Skip to toolbar