Kongo Yiyamirije Akamo k’Afrika Yunze Ubumwe

Inama yihutrwa y’umuryango w’Afrika yunze ubumwe yateraniye Addis Abeba muri Etiyopiya tariki ya 17/1/2019

Abategetsi bo muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, uyu musi ku wa gatanu, biyamirije akamo katewe n’ishyirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, gasaba kwigiza inyuma ingingo yo gutangaza ibiharuro bya nyuma byavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mw’itangazo ritari ryitezwe, ishyirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye ejo ku musi wa kane, ryasabye ko gutangaza ibyavuye mu matora byandidiza kubera hari ibibazo byinshi bidasobanutse byerekeye ukuntu ayo matora yatunganijwe.

Biteganijwe ko ibiharuro bya nyuma bitangazwa inyuma y’aho urukiko rw’igihugu ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro izaba imaze guca urubanza rwashinzwe, rusaba guhakana ibyavuye mu matora.

Byitezwe ko urukiko rushyigikiriza ingingo ku rubanza rwari rwashinzwe na Martin Fayulu uyu musi ku wa gatanu cyangwa ejo ku musi wa gatandatu.

Umuvugizi wa reta ya Congo Lambert Mende yavuze ko nta rwego na rumwe cyangwa igihugu na kimwe gifite uburenganzira bwo gutegeka ubutungane bw’igihugu cye ku ngingo butegerezwa gufata.

Translate »
Skip to toolbar