Urukiko rukuru rwa DR Congo rwemeje ibyavuye mu matora biha intsinzi Tshisekedi

Felix Tshisekedi ayoboye umugambwe ukomeye w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi watangijwe na se witaby’Imana

Urukiko ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) rwemeje intsinzi y’umukandida utavuga rumwe n’ubutegetsi Félix Tshisekedi.

Urukiko  rwahakanye urubanza rwashingishijwe na Martin Fayulu, undi mukandida atavuga rumwe n’ubutegetsi bahigannywe mu matora yo ku wa 30 Ukwezi kwa 12.

Bwana Fayulu avuga ko Bwana Tshisekedi yagiranye na Perezida Joseph Kabila amasezerano yo gusangira ubutegetsi.Umurwi wa Bwana Tshisekedi urabihakana.

Naho intahe ya sentare yafashe ico cemezo, Bwana Fayulu avuga ko ariwe Perezida “w’ukuri”.

Bwana Fayulu yasabye amakungu kutemera ibyashikirijwe ko byavuye mu matora.Ku munsi wa Gatanu, umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wavuze ko hari “amadidane akomeye” ku byavuye mu matora usaba Congo kuba iretse gushyikiriza imibare y’i byavuye mu matora ya nyuma.

Ubutegetsi bwa Congo ntibwabyemeye.

Umuvugizi wa leta, umushikiranganji Lambert Mende, yasiguye ko atari akazi ka Leta n’imwe, yaba na Leta ya Congo canke Ubumwe bwa Afrika ko kubwiriza inzego zitunganya amatora ico zitegerezwa gukora.

Moussa Faki Mahamat niwe ayoboye inama y'abakuru b'ibihugu vyo muri Afrika, barimwo perezida w'Urwanda Paul Kagame, umukuru w'intebe uno mwaka
Moussa Faki Mahamat niwe ayoboye inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, barimwo perezida w’Urwanda Paul Kagame, umukuru w’intebe uno mwaka

Abakuru ba Angola, Tchad, Uganda, Afrika y’epfo, Ethiopia na Namibia, nibo bari bitavye inama idansanzwe yari yahamagajwe kuwa kane i Addis Abeba mu ntumbero yo kwiga ikibazo c’ibisikanya ku butegetsi muri Republika ya demokarasi ya Congo.

Byitezwe ko intumwa z’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika zijya mu rugendo mu gihugu cya Congo mu ntumbero wo kumvikanisha abanyepolitike.

Translate »
Skip to toolbar