Jo nuwakabiri kw’isi,uteye ukwe kwa wenyine,ntajya yumva ububabare kumubiri we!!!

Jo Cameron yamenye ko ariho  arashya ku mubiri we,igihe yumva umunuko w’inyama ziriho ziranuka. Kenshi atwikwa n’iziko ku maboko, ariko ntiyumve ububabare ngo ashobore kwirinda.Ibyo ngo ni kubera yuko ari umwe mu bantu babiri gusa bazwi kw’isi bafite indemano idasanzwe yabateye ayo mahinduka mu mubiri.

Bisigura yuko asa nk’uwutumva ububabare na bukeyi, kandi ntaja afatwa n’akabonge canke ngo atinye.Ibyo yaje kubimenya afite imyaka 65, aho yabonye yuko adasanzwe – igihe abaganga batangaraga babonye adakeneye imiti igabanya ububabare nyuma y’ukubagwa gukomeye.

Igihe yabagwaga ku kuboko, abaganga bamubwiye  yuko aza kumva ububabare mu nyuma.

Jo CameronJO CAMERON (left) was 65 when she realized she was different

Abonye nta bubabare na bumwe yumvise, uwari ajejwe kumutera umuti usinziriza – Dr Devjit Srivastava – yahise amwohereza ku bahanga ba kamere y’ikiremwamuntu kuri Kaminuza ya University College London (UCL) hamwe na Oxford University.

Nyuma y’ibipimo, basanze afite amahinduka muri kamere atuma atumva ububabare nk’abandi bantu.

Ntafite gusa “amagara meza by’ikirenga”

Jo, aba ahitwa Whitebridge, hafi ya Inverness, yabwiye urubuga rwa internet rwa BBC Scotland ko abanganga batabyemeye aho yababwiraga ko atazakenera imiti igabanya ububabare nibaheza kumubaga.

Yagize ati: “Twagiye impaka imbere y’icyumba babagiramo aho nababwiraga ko ntaza gukenera imiti  otuma umuntu atumva ububabare.

“Umuganga amaze kumenya ko nta miti nk’iyo nafashe, yahise areba muri kahise ko kuvurwa kwe,  asanga atarigeze asaba iyo miti.”

Icyo gihe niho bamwohereje  ku bahanga bo mu Bwongereza.

Jo Cameron n'umuryango wiwe CAMERON Jo, yifotoje n’umugabo wiwe hamwe na nyina, ntiyari azi ko atameze nk’abandi

Bamaze kumupima, Jo yasanze atari amagara meza cyane afite gusa nk’uko yavyibaza.

Avuga ati: “Ndavye muri kahise, nasanze ntarigeze nkenera imiti igabanya ububabare, ariko iyo utayikenera ntiwibuka kubaza igituma.

“Uri ico uri co, gushika hagize uwugira ico abivugako, nta kibazo na kimwe ubaza. Nari umuntu w’umushaha unezerewe ntibaza na rimwe ko hari aho noba ntaniye n’abandi.”

Ntiyanigeze yumva ububabare ariko aribaruka, akibuka ati: “Vyari ibinti bidasanzwe, ariko sinigeze mbabara. Ahubo vyari bihimbaye.”

Jo avuga ko ata kintu yumva yohindura, ariko yibaza ko ububabare ari ikintu ca ngombwa: “Hari impamvu ububabare bubaho, burakugabisha – wumva hari inzogera zikugabisha.”

Abaganga bibaza yuko ashobora kuba anakira n’ingoga kurusha uko bisanzwe. Uru ruvangatirane rudasanzwe rw’ibiremye umuntu, rutuma aza aribagira kandi ntahangayika.

Avuga ati: “Vyitwa indemano y’umunezero canke yo kwibagira. Narateye kenshi abantu agashavu ku kuntu naguma nezerewe ubuzima bwanje bwose – ubu rero ndafise impamvu.”

Mbe none uku kuntu Jo aremye ryoba ari ibanga ryo gushobora gufasha abandi?

Jo aheruka kuvuga ko “yisetse gatoyi” ari mu modoka, ariko ntiyigeze akomwa n’ivyo benshi bari kubona nk’ikintu gikomeye kandi kibabaje.

“Nta musemburo wa adrenaline uhwahwura umuntu mfise. Umuntu yari akwiye kugira ico kintu kimugabisha, bijanye no kuba umuntu, ariko sinoshaka kubihindura.”

Umushoferi yari muyindi modoka, nk’uko abivuga, ngo “yarajugumiye cane”, ngo ariko we yari yitonze. “Sinja niyumva nk’uko… si ukurinda, ubwoba ahubwo ntibuza.”

Abashakashatsi bavuga ko hashobora kuba hariho abandi bantu nka jo.

Muganga Srivastava avuga ati: “Umwe ku barwayi babiri baheruka kubagwa muri iki gihe barumva ububabare busanzwe canke bwinshi, naho tumaze gutera imbere mu bijanye n’imiti igabanya ububabare. Turacasigaje kumenya niba hari iyindi miti yozokorwa hifashishijwe ivyo twashitseko.”

“Ivyashitsweko vyerekana hashobora kuzotorwa umuti uvura ububabare ushobora kuzofasha abababara nyuma yo kubagwa ukanatuma ibikomere bikira vuba.

“Turizera yuko ivyo vyofasha abarwayi imiriyoni 330 babagwa kw’isi yose buri mwaka.”

Translate »
Skip to toolbar