Abega baramuhitanye!Ariko wa mana we uzahora ryali ng’udukize abega???????

Rwanda: igipolisi gitangaza ko wa munyamuziki Kizito Mihigo yapfuye yiyahuye.Umunyamuziki Kizito Mihigo yari azwi cyane mu ndirimbo ziririmbirwa Imana, izivuga amahoro n’ubwiyunge

Igipolisi c’u Rwanda gitangaza ko wa munyamuziki w’umunyarwanda Kizito Mihigo yapfuye yiyahuye mu bucagucagu bw’uno munsi ku wa mbere.

Itangazo risohowe n’umuvugizi w’ico gipolisi rimenyesha ko mu masaha icumi n’imwe y’ubucagucagu “Kizito Mihigo w’imyaka 38 wari ufungiwe kuri Sitasiyo ya Polisi i Remera yasanzwe yiyahuye arapfa”.

Uyo muririmvyi yafashwe n’abanyagihugu ku wa kane w’indwi iheze ari kumwe n’abagabo babiri, aho bavugwa ko bariko bagerageza kujabuka umupaka berekeza i Burundi, baca bashikirizwa inzego z’umutekano.

 

      Mihigo

Mw’iryo tangazo, igipolisi kimenyesha ko “Kizito Mihigo yari amaze iminsi itatu muri kasho ya Polisi aho ubugenzacyaha bwamukurikiranaho ibyaha birimo kwambuka umupaka mu buryo bunyuranyije n’amategeko na ruswa”.

      Mihigo2

Rivuga kandi ko ku magerekerezo ya 15 na 16 z’uku, ni ukuvuga hirya y’ejo ku wa gatandatu, n’ejo ku wa Mungu, yari yasuwe n’abo mu muryango wiwe hamwe n’uwumuburanira.

Igipolisi kivuga ko cyatanguye kugira ngo kimenye icyatumye yiyahura.

      Mihigo2

Mu 2015, Kizito Mihigo yari yakatiwe gufungwa imyaka 10 amaze kwemera no kwagirizwa ivyaha girimwo kugerageza kugirira nabi perezida Paul Kagame no guhamagarira abanyagihugu kugarariza ubutegetsi.

Umuntu yarekuwe ku mbabazi za perezida ntiyemerewe guhosoka igihugu atabiherewe urusha n’urwego rushinzwe ubucamanza.

Translate »
Skip to toolbar