USA: Ikigo Lantos Foundation Gisabira Ibihano Abategetsi 2 b’u Rwanda ku Kibazo cya Rusesabagina


Ndarengana mu zabibaze umukuru w’igihugu Paul Kagame.Umushikiranganji w’Ubutungane mu Rwanda Busingye Johnston

Ikigo Lantos Foundation cyo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe guharanira agateka ka zina muntu n’ubutungane, kuri uyu wa mbere cyatangaje ko cyarungikiye urwandiko ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ubw’ikigega cya Leta muri Amerika, gisabira ibihano abategetsi babiri b’u Rwanda ku kibazo cya Paul Rusesabagina.

Abo bategetsi ni umushikiranganji w’ubutungane w’u Rwanda, Johnston Busingye hamwe n’umukuru w’urwego rw’igihugu rw’ubugenzacyaha (RIB), Colonel Jeannot Ruhunga. Bagirizwa kugira uruhare mu guhungabanya uburenganzira bwa muntu kuri Paul Rusesabagina ku cyo icyo kigo cyise kumunyuruza kwabaye mu kwezi kwa munani 2020.

Icyo kigo cyatanze ibyemezo by’uko abo bategetsi babiri bashobora, kandi bakwiye guhanirwa kuba baranyuruje Rusesabagina, kandi ko barenze kubiri amategeko mpuzamakungu akingira abantu bose kugira ntibanyuruzwe. Ikigo “Lantos Foundation” cyavuze ko urwo rwandiko rusabira ibihano abo bategetsi rwarungikiwe kandi abategetsi b’Ubwongereza hamwe n’abo mu muryango w’ubumwe bwa Buraya kibasaba kugira ico bakoze ku ruhande rwabo mu gufatira ibihano abo bategetsi.

Urwo rwandiko rwerekana ko rwarungikiwe abo bategetsi bo muri Amerika na Buraya mu kwezi kwa gatanu itariki 18, 2021.

Translate »
Skip to toolbar