Koreya ya ruguru:Ibihano bya ONU!?

Inama y’umutekano ya ONU yasubiye kugabisha Igihugu cya Koreya ya Ruguru, kur’uyu wa gatanu, kubijanye no guhagarika ibitero byacyo bya nucleaire. Ibyo byakurikijwe no kwongerereza abantu icumi na bane[14] ku basanzwe bari k’urutonde rw’abafatiwe ibihano, hamwe n’amashirahamwe ane.

Ibihano byafatiwe abo bantu bijanye no kwakwa impusha zo gufata ingendo, hamwe n’amwe mu matungo yabo, bivuye ku bitero bya nucleaire Koreya ya Ruguru ibandanya gukora. Nikki Haley, aserukira Leta Zunz’Ubumwe za Amerika, ari nayo yafatikanije n’Igihugu cy’Ubushinwa mu gusohora iyo ngingo, yatangaje ko ingino zose zizofatwa mu gihe Koreya ya Ruguru ibandanije gukora ibyo bitero.

Abenshi mu bari k’urutonde rw’abafatiwe ibihano kubera ibitero vya nucleaire Koreya ya Ruguru ikora bari mu zabukuru. Umwe muri bo n’umugabo w’imyaka mirongo icenda n’ibiri, azwi kw’izina rya Ro Yong Mu, asanzwe ar’icyegera c’umuyobozi w’umugwi wa Leta ujejwe ibikorwa bya gisirikare n’umutekano.

Amakungu amenyesha ko atewe ishavu n’uburyo Koreya ya Ruguru ibandanya kwica amatwi. Tubibutse ko Koreya ya Ruguru imaze gukora ibitero bya misile balistike bishyika kw’icyenda [9] kuva uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’indwi utanguye.

Save

Translate »
Skip to toolbar