Itororokanirizo ry’amakuru rya Koreya ya ruguru ryatangaje ko iyo myimenyerezo igamije gutera icyo gihugu kandi ni agasomborotso mugihe hari utwigoro two kunagura imigenderanire hagati ya Koreya zompi.
Ibiro bya Perezida, White House nta byinshi vyashikirije kiretse kuvuga ko bizabandanya bikorana n’ibihugu bicuditse.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika buvuga ko iyo myimenyerezo isanzwe yama iba buri mwaka kandi imaze imyaka itari mike.
Amerika, ibicishije ku muvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire, Heather Nauert ivuga ko Perezida Kim ubwiwe yavuze ko atahura iyo myimenyerezo kandi azi akamaro kayo kuri Leta zunze ubumwe z’Amerika. Heather yemeza ko gushika ubu Amerika yiteguriye inama na Perezida Kim.
Ariko abandi bakoranye na Koreya ya ruguru imyaka n’imyaka bavuga ko hariho abagomba kuburizamwo uyo mubonano bibaza ko bitumbereye gukura ubutegetsi bw’icami bwa Perezida Kim.














