Telefone ngendanwa (mobile) yakoze ibara mu ndege

Ubutegetsi bwa Australia baravuga ko abantu bakoresha telefone ngendanwa (mobile) zihabwa umuriro n’ibateri, inyuma yaho igokoresho cyo kwumviririza mu matwi “écouteurs” gifashwe n’umuriro kigasibanganya mu maso umugore yari mu ndege.

Uwo mugore yaravuye mu gisagara ca Beijing agiye Melbourne, igihe akanguriwe n’ijwi ry’ikintu gituritse.Yaciye yiyambura “écouteurs” asanga zafashwe n’umuriro, zitanguye kuyonga.Uwo muriro wafashe izo “écouteurs” watandukiriye uwo mugore mu maso no ku biganza.

Uwo mugore w’ingenzi atavuzwe izina, yabwiye ikigo “Australian Transport Safety Bureau” (ATSB) ko yariko arumviriza umuziki igihe izo “écouteurs” zafatwa n’umuriro.

“Naciye nifata mu maso, “écouteurs”zica zikorokera kw’izosi. Numvise ndiko ndasha nca ndazikororera hasi. Zaturagurika kandi zaka umuriro.”

Abakozi bo mu ndege baciye biruka barazimya uwo muriro bakoresheje amazi bazanye mu ndobo, bazimya n’izo “écouteurs”.

“Ingenzi zabandanije urugendo rwari rusigaye zumva umunuko w’ivyahiye bya “plastique”, “électronique” n’imishatsi,” niko ATSB yanditse.

Ikigo ATSB nticyavuze uruganda rwakoze izo “écouteurs” ariko kivuga ko kizi neza ko ibyateye uwo muriro ari ibateri rikozwe muri “lithium”.

Save

Save

Translate »
Skip to toolbar