Urukingo rwa SIDA HIV rushobora kuboneka mu minsi iri mbere
Urukingo ruturuka mu kuvanga imiti myinshi, rutuma umubiri ubyara uburyo bwo kwikingira umugera VIH, bwageragejwe ku bantu 393.Urwo rukingo rushobora gukoreshwa kw’isi mu myaka iri mbere mu kwirinda umugera VIH, ngo ruratanga icyizere.
Uwo muti utuma umuntu adashobora kwibasigwa n’ubwoko butandukanye bw’uwo mugera, utuma umubiri uronka ingene wikingira umugera wa VIH, ibyo bikaba byari igaragaje ku bantu 393 bageragejwe, nkuko icyigwa cyasohowe na The Lancet kivuga.
Uwo muti wakingiye n’inkende zifite umugera usa n’uwa VIH.Harakenewe ko umuntu apima ko izo mbaraga umubiri uronka hakoreshejwe uwo muti, ko bushobora gukingira umuntu kwandura umugera VIH.
Abantu bagera ku miliyoni 37 kw’isi bagendana umugera VIH cyangwa banduye Sida, mu gihe hari bashyashya 1 800 000 bandura ku mwaka.Naho kuvura umugera VIH bigeze kure, kuronka umuti ukiza cyangwa urukingo biracasiga abahanga.
Umuti Prep (pre-exposure prophylaxis) ukora mu gufasha kwirinda kwandura VIH, kubiri n’urucanco, bisabwa ko umuntu awufata kenshi cyangwa ku munsi mu kurwanya kwandura uwo mugera.
Gushaka urukingo ni igikorwa kimaze igihe kirekire, inkingo zagiye zirageragezwa zikaba zari iz’ubwoko bumwe bumwe buri mu duce dutandukanye two kw’isi.
Ku bijanye na runo rucanco, abahinga bakoze umuti ushobora kugwanya ubwoko bwinshi bw’umugera VIH.Icyizere ni uko ushobora gukingira kurusha ku bwoko bwinshi kandi butandukanye bw’umugera VIH.
Urucanco Abahinga bakoresheje urwo rukingo ku bantu bafite imyaka iri hagati ya 18 na 50 batari bafite umugera wa VIH, kandi bafite amagara meza.
Abarugeragejweho baturuka mu bihugu bya Amerika, u Rwanda, Uganda, Afrika yepfo na Thailand, baronse inkingo zine mu cyumweru 48.
Izo nkingo zatumye imibiri yabo ishyika ku rugero yirwanira yonyine umugera wa VIH, munyuma abo bantu basanga bakomeye.Ubwo buryo bwarageragejwe no ku nkende, aho ibice 67% ku nkende 72 basanze zikingiwe byukuri.
“Ibyashitsweko ni intambwe ikomeye,” niko Dan Barouch, umwigisha w’iby’ubuvuzi kuri kaminuza Harvard Medical School yari ahagarariye icyo cyigwa yavuze.
‘Ibimenyetso byizeza’
Ibyatowe biboneka ko byizeza muri kino cyigwa bigiye gutuma abashakashatsi bagerageza uwo muti ku bagore 2600 bo muri Afrika yepfo, bashobora kwandura umugera.
Urucanco rumwe nirwo rumaze kwerekana ko rushobora gukingira umuntu kwandura umugera VIH.Urukingo rwageragejwe mu gihugu cya Thailande, rwatumye ukwandura bigabanuka ku bice 31%.
Dr Michael Brady, umuganga muyobozi ahitwa Terrence Higgins Trust, avuga ko hakiri kare ngo umuntu avuge iby’urukingo ariko ngo hari ibimenyetso bitanga icyizere.
“Ariko ngo birakwiye ko umuntu yitonda, ngo hari akazi kenshi gakenewe gukogwa imbere yuko haboneka urukingo nyakuri.”











