Ikiyaga kirimo amazi cyatowe ku mubumbe wa Mars

Abashakashatsi batoye ibihamya bya mbere ko hari amazi ku mubumbe wa Mars.

Beremezwa ko haba hari ikiyaga mu gice kirimo ibibuye by’urubura mu bumanuko kikaba gifite ubunini bw’ibirometero bibiri.

Ubushashatsi buheruka bwari bwabonye ikimenyetso ko hariho amazi kuri uwo mubumbe, ariko bubaye ubwa mbere haboneka ikimenyetso nk’icyo cy’amazi kuri uwo mubumbe muri iyi misi ya vuba.

Ibindi biyaga byagiye bitorwa na NASA byerekana ko amazi yigeze kubaho kuri uwo mubumbe mu misi yaheze.Ikindi mu kirere cy’uwo mubumbe harakonje cyane bigatuma amazi  ahinduka ibibuye.

Ibyo vyatowe biranezereje kubera abahinga bari bamaze umwanya muremure bahiga ko ku mubumbe wa Mars haba hari amazi, ariko nta cyo bari bwashyikeho.

Ibyo kandi biranezereje abntu bagira ubushakashatsi ko haba haba ibinyabuzima cyo kimwe no kw’isi – n’aho hataragaragara ikimenyetso na kimwe cerekana ko hariho ibirema.

Ibyo babishyitseho hakoreshejwe icyuma cya ‘radar’ cyari mu kigo kireba ibyerekeye ikirere cy’Uburayi kizwi kw’izina rya Mars Express orbiter.

NASA/JPL/Malin Space Science Systems
Icyo kiyaga kiri musi y’ibibuye by’urubura mu bumanuko bw’umubumbe wa Mars

Prof Orosei wo mu gisata cihweza ibibazo vy’ikirere n’ibindi biremwa, ari nawe yari arongoye ivyo bikorwa yavuze ati:”Ushobora gusanga atari ikiyaga kinini.”

Icyuma cya Marsis nticyashoboye kwerekana aho ayo mazi agera, ariko uwo murwi w’abashakashatsi uvuga ko aho ari hatari musi y’imetero imwe.

Prof Orosei yongeyeko ati:”Ibi bije kwemeza ko hariho ikiyaga kirimo amazi, kandi si amazi ari hagati yafatanye n’ikibuye nk’uko biri mu bindi bice birangwamo ibibuye by’amazi kw’isi.

Igishushanyo cyerekana ibyo icuma Marsis Radar cyatoye mu kirere

Icyo kiyaga cyatowe gute?

Ibyuma bifite radar nka Marsis birondera ibiri kuri Mars bikoresheje imirasire yizuba, hanyuma  bakareba inyishyu igarutse.

Umurongo wera uri hejuru y’ifoto werekana intango y’aho amazi yabaye ikibuye ari.Musi y’icyo kibuye, abashakashatsi bahasanze ikintu kidasanzwe kiri ku kilometero 1.5.

Prof Orosei yavuze ati:”Mw’irangi ry’ubururu urashobora kubona kuva musi ugereranije ugereranije n’isi. Iki ni co cerekana ata gukekeranya ko ari ikimenyetso ko hariho amazi.”

USGS Astrogeology Science Center, Arizona State Un
Ifoto y’ibyo byuma bya Marsis cyashitseho – kirerekana irangi ry’ubururu musi y’umubumbe wa Mars bikaba byemezwa ko hariho amazi

Ibi bisigura iki ku buzima?

Nta n’umwe arabyemeza.

Dr Manish Patel wo muri kaminuza ya Open University yabisobanuye: Twabonye kuva kera ko isi ya Mars idashobora kubaho ibiremwa nk’uko dusanzwe tubizi, gutyo rero gufata ibintu byose bifite ubuzima ubisanga musi y’uwo mubumbe.Aho rero ni ho hatuma twikingira imishwarara mibi hamwe n’uko ikirere kigenda kimera kigatuma haba ubuzima.

Ikindi gikomeye cyane ni amazi atuma abantu babaho. Intumbero yo kurondera ayo mazi n’ikintu gikenewe cyane muri ubwo bushakashatsi bwo kwibazaho ibyo ubuzima kw’isi.N’aho ubwo bushakashatsi bwerekana amazi, nta kindi kintu bwerekana kirenze ngaho.

Dr Petel yabwiye BBC ati:”Ntitwemeza yuko haba hari ubuzima, ariko icyo turiho turakora n’ibyo tumaze kubona ni ukurondera ahantu hakwiza ibyo umuntu akenera kuri Mars.”

Ikiyaga gisa n’urwatsi rutoto rukikijwe n’umunyu

Uko ayo mazi ameze ashobora gutera ibibazo ikiremwa cyose kuri Mars.

Dr Claire Cousins, umuhanga mu bireba ikirere wo muri kaminuza ya St Andrews mu Bwongereza avuga ti:”Kugira ngo ayo mazi agumeho kandi hari imbeho nyinshi ashobora kuba arimo umunyu mwinshi. Bishoboka ko ayo mazi arimo umunyu mwinshi cyane ku buryo nta kiremwa na kimwe cyayanywa.

None hakwiye gufatwa izihe ngamba?

Mu gihe haba hari amazi byaba ari inkuru nziza ku bantu bashaka kumenya ko haba hari ubuzima kuri Mars, ni ngombwa ko icyo kiyaga gikorwaho ubundi bushakashatsi bukomeye.

“Igikenewe ubu n’uko haba ubushakashatsi nk’ubwo n’ahandi mu kurondera ibimenyetso nk’ibyo kandi hagatekerezwa ko hacyenewe ibindi bisobanuro bikwiye  neza.”

Yongeyeho ati:” Gashobora kuba ari ko karyo kubantu bajya kuri Mars kujya gucukura ayo mazi ari musi y’isi y’uwo mubumbe nk’uko bikorwa mu bindi biyaga biri mu turere dukonje cyane kw’isi nko muri Antaractique.”

Ako karere kagereranywa n’ikiyaga ca Vostok, kiri ku bilometero 4 musi y’ikibuye c’amazi muri Antarctique

Translate »
Skip to toolbar