Jean Pierre Bemba yasubiye mu gihugu cyiwe cya RD Congo inyuma y’imyaka cumi afunzwe

Umukuru w’abatavuga rumwe na Leta Jean Pierre Bemba yakiriwe n’abayoboke biwe muri Congo

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta muri Congo, Jean Pierre Bemba yakiriwe muri icyo gihugu inyuma yo kumara imyaka cumi ari mw’ibohero hanze y’igihugu.

Bemba yagizwe umwere nurukiko mpanabyaha mpuzamakungu TPIR ku byaha yagirizwa byo mu ntambara, akaba yaravuze ku mugaragaro ko ashaka kwitoza mu kibanza cy’umukuru w’igihugu muri Congo.

Yaratsinzwe u matora yo mu 2006 ariko arahiganwa na prezida Joseph Kabira, ikiringo cyiwe cya kabiri cyarangiye mu 2016, bikaba biteye n’ikibazo cyo kumenya nimba azasubira kwitoza.

Ugutahuka kwa Bemba kuzanye iyindi sura ya politike muri Congo, umugambwe uri ku butegetsi ukaba waramaze kuvuga ko Bemba adakwije ibisabwa kugira ngo yitoreze kuba umukuru w’igihugu, kubera yagirijwe ibyaha byo mu ntambara n’urukiko mpuzamakungu mpanabyaha.

Umwe mu bayoboke ba Jean Pierre Bemba

Imigambwe isigaje indwi imwe gusa yo gutanga amazina y’abazobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, umugambwe wa Bemba ukaba waramaze kumugena ngo awuserukire.

Abayoboke ba prezida Kabila bavuga ko Bemba adakwiye kwitoza kuko yoba arenze kw’ibwirizwa shingiro.

Ku ruhande rwa prezida Kabila ubwiwe nta co aravuga ku vyerekeye ukugaruka mu gihugu kwa Bemba.

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yari amaze imyaka 12 hanze y’igihugu, muri yo 10 akaba yari apfungiwe ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu yakoreye mu gihugu kibanyi ca Centrafrique, akaba aherutse kubihanagurwako na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bica bimucira inzira yo gushaka gusubira kwitoza.

Translate »
Skip to toolbar