Ambasade Isaba Abanyamerika Kuva muri Congo




Ibinyamakuru bitangaza amakuru y’amatora, Kinshasa, RDC, italiki 09/01/2019.

Ambasade ya Leta zunze ubumwe za Amerika muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo ihanura Abanyamerika kuva muri icyo gihugu, mu gihe abategetsi ba Congo bari mu myiteguro yo gutangaza ivyavuye mu matora.

Ambasade i Kinshasa yatangaje ku rubuga rwayo rwa Internet kuri uyu wa gatatu ko Abanyamerika muri Congo bakwiye kwitegura kuva mu gihugu batarinze gusaba imfashanyo ya leta ya Amerika.

Ubwo butumwa busaba Abanyamerika kwirinda kujya mu makoraniro no mu myiyerekano, kandi bagume bari maso ko ibintu bishobora kuyangara.

Komisiyo y’amatora muri Congo yari yashikirije ko izatangaza ibyavuye muri ayo matora kw’italiki ya 30 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Abaporisi bacungera imyiyerekano batangiye kwipanga ku cyicaro gikuru ca komisiyo y’amatora i Kinshasa kuri uyu wa gatatu ku muhingamo, mu gihe iyo komisiyo yemeye ko ihava itangaza ivy’imfatakibanza mu vyavuye mu matora.

Translate »
Skip to toolbar