Ubuhanuzi bwa Perezida Joseph Kabila bwo kuva kubutegetsi burasohoye!!!



Felix Tshisekedi ari mu nama y’umugambwe wiwe mu kwezi kwa kane mu 2018 mu gisagara cya Kinshasa

Utavuga rumwe na reta muri RD Congo yatsinze amatora ya perezida

Felix Tshisekedi yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri RD Congo nk’uko bimenyeshwa n’akanama kajejwe gutunganya amatora.

Ibyavuye mu matora byerekana ko Tshisekedi yarushije undi atavuga rumwe na Leta Martin Fayulu hamwe n’umukandida yari ashigikiwe na leta Emmanuel Shadary.

Umukuru w’akanama kajejwe gutegura amatora (Ceni) Corneille Nangaa, mu gitondo cya kare cyo ku wa kane yavuze ko Tshisekedi yaronse ibice 38.57% by’amajwi, ahita “atangazwa ko ari we yatsinze amatora.”

Tshisekedi yaronse amajwi arenga imiliyoni 7, Fayulu na we yaronse imiliyoni 6.4, mu gihe uwaserukiye leta muri ayo matora Emmanuel Ramazani Shadary yaronse imiliyoni 4.4 z’amajwi.

Fayulu yiyamirije ivyavuye muri ayo matora vyatangajwe n’akanama kajejwe gutunganya amatora.

Yabwiye BBC igisata c’igifaransa ko:”Ibi n’ibiterasoni. Ibi nta ho bisa bisana na gato n’ukuri. Abanyagihugu ba Congo ntibashobora kwemera ubusuma nk’ubu. Felix Tshisekedi nta majwi imiliyoni indwi yaronse, ntibishoboka. Yayakuye hehe?”

Abakandida batavuga rumwe na reta Martin Fayulu (i bubamfu) na Felix Tshisekedi (i buryo) bari bahanganye n'uwahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Emmanuel Shadary (hagati)
Abakandida batavuga rumwe na leta Martin Fayulu (i bubamfu) na Felix Tshisekedi (i buryo) bari bahanganye n’uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Emmanuel Shadary (hagati)

Ku ruhande rwiwe, Tshisekedi yanezerejwe nibyavuye muri ayo matora, aranashimagiza uwo agiye gukorera mu ngata Joseph Kabila.

Ashyikiriza ijambo abayoboke biwe bari bakoraniye ku mugwa mukuru Kinshasa, Tshisekedi yavuze ko “azaba perezida w’abanyagihugu bose ba Congo.”

Mu gihe ibyavuye mu matora byokwemezwa, Tshisekedi azaba abaye umukandida wa mbere w’abatavuga rumwe na leta atsinze amatora y’umukuru w’igihugu kuva RD Congo yikukira.

Ivyatangajwe na CENI vyavuye mu matora:

  • Felix Tshisekedi 7,051,013 (38.57%)
  • Martin Fayulu Madidi 6,366,732 (34.83%)
  • Emmanuel Shadary 4,357,359 (23.84%)

*Ibiharuro bya CENI by’abitavye ayo matora: 47.56%.

Tshisekedi ari mu runani rw’imigambwe rwa UNC bahuriyemo na Vital Kamerhe, aho bafitaniye amasezerano ko Tshisekedi azakwitoreza kuba umukuru w’igihugu, Kamerhe na we abe umushikiranganji wa mbere mu gihe bazatsinda.

Abayoboke ba Tshisekedi bari bakoraniye ku cicaro c'umugambwe wabo i Limete, ku mugwa mukuru Kinshasa ku wa gatatu
Abayoboke ba Tshisekedi bari bakoraniye ku cyicaro cy’umugambwe wabo i Limete, ku murwa mukuru Kinshasa ku wa gatatu

Byitezwe ko perezida Kabila ava ku butegetsi inyuma y’imyaka 18 ayonboye Congo.

Uwo yari ashigikiye muri ayo matora Emmanuel Ramazani Shadary yaronse ikibanza ca gatatu muri ayo matora.

Martin Fayulu yabanje kuba umukandida w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta imbere y’uko Tshisekedi hamwe n’umukandida wa UNC Vital Kamerhe bikura muri urwo runani, bagira urunani rwabo ari babiri, yagiye mu kibanza cya kabiri.

Translate »
Skip to toolbar